Rafael Nadal ngo azorega 'abamutyoza'

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Nadal ngo yarambiwe no gukomeza kwihanganira kuvurwa nabi

Uyu munya Espagne avuga ko yarakajwe no kubona amajambo ya Roselyne Bachelot, yahoze ari umushikiranganji w'amagara y'abantu n'inkino w'Ubufaransa.

Ngo yoba yavuze ko kubona Nadal atabonetse mu mahiganwa amezi indwi yose mu 2012, hoba ari kubera yari yasuzumwe ko yakoresheje imiti yongera inguvu.

Bachelot yabaye umushikiranganji kuri leta ya Nicolas Sarkozy hagati ya 2007 na 2010, yavuze ayo majambo mu ndwi iheze, igihe yavuga ku kibazo c'Umurusiyakazi Maria Sharapova.

Uyu mukinyi wa tennis amaze gutsindira igikombe ca Grand Slam incuro 14, avuga ko azokwitwarira n'uwundi wese azohirahira akamuvugako amajambo nk'ayo muri kazoza.

Nadal avuga ko aruhijwe n'ibirego nk'ivyo kandi ko atagishobora kwihanganira kubireka ukwo, ataco abivuzeko.

Ibindi bisa n’ibi