Htin Kyaw prezida mushasha wa Myanmar

myanmar
Image caption Prezida mushasha wa Myanmar Htin Kyaw

Inama nshingamateka ya Myanmar yatoye Htin Kyaw mu mabanga ya prezida, prezida wa mbere atari umusirikare azoba atwaye ico gihugu inyuma y’imyaka irenga 50 y’ubutegetsi bwa gisirikare.

Htin Kyaw n’umugenzi nkoramutima wa Aung San Suu Kyi, umugamwe wiwe wa NLD watahukanye intsinzi mu matora azokwama yibukwa, mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Yatsinze uwundi muyoboke wa NLD n’uwundi yari yashizwe imbere n’igisirikare.

Umupfasoni Suu Kyi, ntiyitoje muri ico kibanza kubera ingingo iri mw’ibwirizwa shingiro, ariko yavuze ko ashobora kuzoba afise amabanga asumba ayo umukuru w’igihugu.

Htin Kyaw yaronse amajwi 360 kuri 652 y’abatoye.

Mu kibanza kigira kabiri, yakurikiwe n’uwashizwe imbere n’igisirikare, Myint Swe, yaronse amajwi 213, akurikirwa n’uwundi munywanyi wa NLD, Hnery Van Thio, yaronse amajwi 79.

Abo ko bagiye bakurikirana, umwe azoba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, uwundi icegera kigira kabiri.

Ibindi bisa n’ibi