Turkiya yahagurukiye abakora 'iterabwoba'

Image caption Perezida Erdogan ati: 'Ikibazo c'iterabwoba gikwiye kwihwezwa mu buryo bwaguye'

Abategetsi ba Turkiya bamenyesha ko umupolisi n'abarwanyi batatu b'aba Kurdes baguye mu ntambara zabereye mu bumanuko bw'umuji wa Diyarbakir.

Abarwanyi b'aba Kurdes bivugwa ko bubatse amabariyeri bakanatega ibisasu biturika, ndetse hashizweho n'amasaha y' umukwabu.

Imishamirano hagati y'abarwanyi b'aba Kurdes n'abajejwe umutekano yiyongereye cane cane inyuma y'iminsi ibiri habaye igitero cahitanye abantu 37 mu muji wa Ankara.

Perezida Reccip Tayyip Erdogan yavuze ko insiguro y'iterabwoba itegerezwa kwagugwa, igafata kuri uwo wese ashigikiye iterabwoba, harimwo n'abanyamakuru ndetse n'abashingamateka.