Imvo n'Imvano ku buzima bwa Jean Christophe Matata

BBC Gahuzamiryango yabateguriye Imvo n'Imvano ku buzima bw'umuririmvyi Jean Christophe Matata aheruka kwitaba Imana muri Afrika y'epfo.

Christophe Matata yari umuririmvyi w'Umurundi rurangiranwa azwi cane mu karere k'ibiyaga binini, cane cane mu Burundi no mu Rwanda, co kimwe n'ahandi henshi kw'isi.

Mu ntumbero yo kwibuka uwo muririmvyi, nimba hari ico ufise umwibukirako twandikire kuri: imvo@bbc.co.uk, uduhe numero zawe za telephone tuzoguhamagara.