Ivyakera i Tombouctu birageramiwe

Ibiherutse kuvugururwa: 3 ukwa karindwi, 2012 - 15:12 GMT

Ivyaranga kahise ka Tombouctou birageramiwe

  • Umusigiti wa Sankore
    Intatemwa n'imisigiti ya kera yatumye Tombouctou imenyekana mu makungu birageramiwe n'umuhari Ansar Dine uherutse kwigarurira ico gisagara rurangiranwa kiri mu buraruko bwa Mali.
  • Umusigiti wa Sidia Yahya.
    Muri iyi minsi, abayoboke ba Ansar Dine bavuga ko kuninahaza aberanda atari vyo , bariko barasambura imisigiti ya kera. Baranateye kandi umusigiti wa Yahya(uri kw'ifoto aho hejuru) basenya rumwe mu nzugi zawo rwari rwagumye rwugaye kuko ariyo nzira y'ahari imva z'aberanda.
  • Ibarabara ryo muri Tombouctou
    Tombouctou izwi kandi kubera ububiko bw'ibitazo burimwo ibihumbi n'ibihumbi vy'inyandiko z'imbere y'umwaka wa 1500. Zimwe muri izo nyandiko zagumye zibitswe n'imiryango imwe imwe imyaka n'imyaka.
  • Inyadiko ya kera mu kigo ca Institut des Hautes Etudes
    Vyinshi mu vyibutsa kahise muri ico gisagara-birenga ibihumbi 40,bimwe bimwe usanga arivyo mu kinjana ca 10, vyegeranirijwe mu kigo ca Ahmed Baba c'ivyigwa vya kera n'ubushakashatsi kuri Islam.
  • Umushakashatsi mu kigo ca Ahmed Baba.
    Ikigo ca Ahmed Baba cari catanguye kwimurira izo nyandiko ku buhinga bwa none kugira zibikwe ahadata zongere zibonwe n'uwuzikeneye wese kuri internet.Ubu abatari bake muri Mali no mu makungu bafise ubwoba ko izo nyandiko zishobora kudahuza n'amategeko ya ki Islam ashirwa imbere n'abo bafashe ico gisagara.
  • Boubacar Sadeck
    Imbere y'uko haza ubuhinga bwa none, ubumenyi bwa kera bwabikwa n'abakarani bandikisha intoke nka Boubacar Sadeck yazobereye mu kwimura inyandiko zo mu kinjana ca 16.
  • Uruzi Niger hafi ya Tombouctou.
    Kubera Tombouctou iri ku ruzi Niger ikaba kandi ku nkengera z'ubugaragwa bwa Sahara vyatumye iba ku masanganizra y'inzira za kera z'ibidandazwa gutyo ica iratunga cane.
  • Ibarabara muri Tombouctou
    Ariko igihe abanyabulaya bakoloniza Africa, inzira z'ibidandazwa zaciye zimukira ku nkengera y'ibahari, Tombouctou ica irahomba. ubu harangwa ubukene bwinshi. N'igihe aya mafoto yafatwa-haraheze imyaka 2- benshi mu banyamahanga ntibatinyuka kuhagendera kuko batinya ko bashobora kunyuruzwa n'aba Islamistes. Ivyo vyatumye abanyagihugu baho batakaza isoko ry'aho bahora bakura amafaranga:ingenzi.
  • Suleymane(i buryo) n'umugenzi w'umu Tuareg.
    Abenshi mu baba Tombouctou n'abo mu bwoko bw'aba Tuareg , nk'uwo muhungu ari i bubamfu. Aba Tuareg bahereye kera bidoga ko bibagiwe na leta ya iyo iri kure i Bamako.
  • Utuzu tw'aba Tuareg.
    Utwo n'utuzu tw'aba Tuareg hagati muri Tombouctou. Aba Tuareg barondera kwigenga barakoranye na Ansar Dine kugira bigarurire uburaruko bwa Mali ariko mu nyuma iyo migwi yaracanyemwo aba Islamistes baca bafata bitatu mu bisagara bikomakomeye mu buraruko bwa Mali.-Tombouctou, Gao na Kidal.
  • Ibarabara hafi ya Tombouctou.
    Bamwe mu banyagihugu bo muri Mali y'uburaruko bari bashigikiye ko iyo ntara yiyonkora ubu bafise amakenga kuri kazoza na cane cane hamwe uwo mugwi ugendera kuri Islam wotegeka ko hakurikizwa ingene wo utahura amategeko ya Islam. Ayo mafoto yafashwe na Manuel Toledo

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.