Abashigikiye Morsi batanye mu mitwe n'abasirikare
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Imishamirano mu Misiri

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imishamirano iCairo

Ubutegetsi bwa Misiri bwashizeho amasaha y'umukwabu kuva uno munsi isaha cumi n'imwe z'umugoroba kw'isaha mpuzamakungu, gushika mu gatondo.

Ibi bije inyuma yo guhangana kwabaye hagati y'abajejwe umutekano n'abashigikiye Mohammed Morsi yakuwe ku butegetsi, igihe ibibanza bari bamaze igihe bugarijemwo vyasamburwa.

Abantu benshi biravurwa ko boba bahasize ubuzima.