Man City mu gice ca kane ca UEFA

Man City banganije na Dynamo Kiev 0-0 Uwufise ububasha kw’isanamu REX: FEATURES
Image caption Man City banganije na Dynamo Kiev 0-0

Manchester City bashitse mu gice ca kane gishira ica nyuma mw'ihiganwa ry'imigwi yabaye iya mbere iwabo I Buraya incuro ya mbere, n'aho banganije na Dynamo Kiev mu rukino rwo kwishura.

Man City, bari basanganywe ibitego 3-1 ca Dynamo Kiev mu rukino rwa mbere, barashoboye kuvyifatamwo neza n'aho bari babuze abakinyi Vincent Kompany na Nicolas Otamendi, kubera bavunitse.

Igice ca mbere nta n'umwe yegereye izamu ry'uwundi, ariko mu gice ca kabiri, Jesus Navas yateye akubita ku mwamba, hanyuma Yaya Toure na mu nyuma aretera mw'igori ariko umunyegori wa Dynamo Kiev arawufata.

Umumenyereza Manuel Pellegrini, azova muri uwo mugwi mu mpera z'uyu mwaka, akazosubirirwa na Pep Guardiola, ashaka kurangiza akazi kiwe asize Man City ubaye umugwi utwaye igikombe ubwa mbere c'imigwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Buraya.

Inyuma yo gutwara igikombe ca League mu kwezi guheze, icizere co gutwara igikombe kiriho, n'uko botwara igikombe ca Buraya.

Mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza, City iri inyuma ya Leicester ya mbere amanota 12.

Inyuma y'urukino, umumenyereza Pellegrini yaremeje ko Kompany yababaye ku kuguru ku ncuro ya 14 kuva ashitse muri uwo mugwi mu 2008.

Kompany amaze gukina inkino 19 kuri 46 za City uyu mwaka, kandi ibiharuro vyerekana ko badakina neza atarimwo.

Ibiharuro vy'inkino zose, vyerekana ko bagenda batsindwa buri minota 156 bari kumwe mu kibuga, ariko ko bagiye baratsindwa igitsindo buri minota 70 atakinye.

Ibindi bisa n’ibi