Tombola y'inkino z'igice ca kane muri UEFA uyu musi

Uwufise ububasha kw’isanamu UEFA
Image caption Tombora rirugutruye ku buryo imigwi yo mu gihugu kimwe ishobora guhura

Imigwi umunani yo mu bihugu bitanu, uyu musi ku wa gatanu iraza gutomboza kugira hamenyekane ingene zizohura mu gice ca kane gishira ica nyuma mu nkino za UEFA, mu gisagara ca Nyon, mu Buswisse.

Iryo tombora riruguruye, bigasigura ko imigwi iva mu gihugu kimwe ishobora guhura.

Kubera ivyo rero, Real Madrid bashobora guhura na Barcelone.

Imigwi yaronse uburenganzira bwo kuja mu gice ca kane gishira ica nyuma ni Atletico Madrid, Bayern Munich, Barcelone, Benfica, Man City, Paris Saint Germain, Real Madrid na Wolsfburg.

Inkino z'igice ca kane gishira ica nyuma zizoba itariki 5 na 6 z'ukwezi kwa kane, hanyuma izo gusubiza muri uko kwezi nyene itariki 12 na 13.