Liverpool mu gice ca kane muri Europa League

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igitsindo ca Man Utd cinjijwe na Martial ku munota wa 32

Inkino zo gukuranamwo za Europa League zabandanije mw'ijoro ryakeye mu nkino umunani, aho Liverpool bagiye mu gice ca kane gishira ica nyuma, inyuma yo kunganya 1-1 na Man United ku kibuga ca Old Trafford.

Man United ni bo babanje kwinjiza igitego ca mbere kuri penalty yatewe na Martial ku munota wa 32, mu gice ca mbere.

Philippe Coutinho ni we yaciye yishura ico gitego ku ruhande rwa Liverpool ku munota wa 45, mu gice ca kabiri.

Gushika ku munota wa 90 w'urwo rukino banganya igitego 1-1, ariko Liverpool ni yo izoca ibandanya kuko muri rusangi ifise ibitego 3-1, kubera intsinzi yaheruka kuronka mu rukino ruheruka aho yari yatsinze 2-0.

Mu zindi nkino, Tottenham yasezeye muri iryo higanwa inyuma yo gutsindwa 2-1 na Borussia Dortmund, ibitego vyose vya Dortmund bikaba vyinjijwe n'umukinyi yabaye uwa mbere ku mugabane wa Afrika mu mwaka uheze, Pierre-Emerick Aubameyang ku minota ya 24 na 70, mu gihe igitego kimwe rukumbi ca Spurs cinjijwe na Heung-Min Son ku munota wa 73.

Dortmund ibandanije ihiganwa ifise ibitego 5-1, inyuma y'aho mu ndwi iheze ironkeye intsinzi ya 3-0.

Seville yatsinze 3-0 FC Basel, ibitego vyinjijwe na Adil Rami na Kevin Gameiro yatsinze bibiri ku kibuga ca Ramon-Sanchez Pizjuan, ica ibandanya ihiganwa ifise ibitego 3-0, kuko mu rukino rwa mbere bari banganije 0-0.

Shakhtar Donetsk yatsinze 1-0 RSC Anderlecht, igitsindo kimwe rukumbi ca Eduardo Alves da Silva mi minota ya nyuma ku kibuga ca Canstant Vanden Stockstadion, ica ibandanya ihiganwa ifise ibitego 4-1, inyuma yo kuronka intsinzi ubwa mbere ya 3-0.