Man City izohura na PSG mu gice ca kane ca UEFA

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Man City yaheruka gukuramwo Dynamo Kiev yo muri Ukraine

Umugwi wa Manchester City uzohura na Paris St Germain mu gice ca kane gishira ica nyuma mw'ihiganwa ry'igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo, inyuma ya tombola ibereye mu gisagara ca Nyon, mu gihugu c'Ubuswisse.

PSG ni bo bakuyemwo umugwi wa Chelsea mu gice ca 16 gishira ica nyuma.

Umugwi wa barcelone watwaye igikombe giheruka uzokina n'uwundi mugwi wo muri Espagne nyene, Atletico Madrid, urwo rukino rukazoba rumeze nk'urwabahuje mu 2013/14.

Atletico yatsinze 1-0, hanyuma mu rukino rwo gusubiza banganya 1-1.

Uzoba ubaye umwaka ugira gatatu wikurikiranya abakinyi bamenyerezwa na Simeone bahura n'imigwi yo muri Espagne nyene mu gice ca kane gishira ica nyuma.

Batsinzwe 1-0 na Real Madrid mu mwaka uheze.

Bayern bazohura n'umugwi wa Benfica wo mu gihugu ca Portugal.

Uwo mugwi wo mu Budagi umaze gutsinda inkino zine ku nkino zitandatu zimaze kubahuza, izo nkino zindi zibiri zisigaye bavana banganije.

Iyo migwi ibiri ntiyari bwahure kuva mu mwaka wa 1995.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abakinyi ba Bayern bariko barigina igitsindo mu rukino rw'igice ca 16 gishira ica nyuma

Wolfsburg na Real Madrid, batari bwigere na rimwe babonana mu nkino za Buraya, bazohura muri izo nkino z'igice ca kane gishira ica nyuma.

Julian Draxler yari mu mugwi wa Shalke yatsinzwe na Madrid mu gice ca 16 gishira ica nyuma mu mwaka 2013/2014 na 2014/2015.

Izo nkino z'igice ca kane gishira ica nyuma zizokinwa ku matariki ya 5 na 6 hamwe na 12 na 13 z'ukwezi kwa kane.

Imigwi izohura gutya:

  • Wolfsburg (Ubudagi) v Real Madrid (Espagne)
  • Bayern Munich (Ubudagi) v Benfica (Pays Bas)
  • Barcelona(Espagne) v Atlético(Espagne)
  • Paris Saint Germain (Ubufaransa) v Manchester City (Ubwongereza)