Alex Iwobi azokinira Nigeria canke Ubwongereza?

Umukinyi w'imbere wa Arsenal Alex Iwobi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umukinyi w'imbere wa Arsenal Alex Iwobi

Ubwongereza buriko buratera akagere ka nyuma mu guhagarika ko umukinyi w'imbere wa Arsenal akiri muto, Alex Iwobi, gukinira umugwi nserukiragihugu wa Nigeria imbere y'uko hatangura inkino zo gukuranamwo z'igikombe c'imigwi nserukirabihugu kuri uyu wa gatanu, aho ico gihugu kizokina na Misri, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru co mu Bwongereza ca Daily Mirror.

Uwo musore w'imyaka 19 amaze gutangura incuro zitatu zose mu kibuga mu nkino zine ziherutse za Arsenal, yarakiniye imigwi nserukiragihugu y'Ubwongereza y'abadashikana imyaka 16, abadashikana imyaka 17 n'abadashikana imyaka 18, imbere y'uko ahitamwo gukinira igihugu ca Nigeria, aho yavukiye.

Iwobi, umwana w'umuvukanyi w'umukinyi rurangiranwa wa Nigeria, Jay Jay Okocha, amaze gukinira Nigeria inkino za kivukanyi zibiri, ariko ntiyari bwabe umukinyi wabo bwegu gushika aho akinye urukino rw'ihiganwa.

Uwo musore yarahamagawe mu mugwi nserukiragihugu wa Nigeria mu rukino ruzobahuza na Misri kw'itariki 29 z'ukwezi kwa gatatu, ariko ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza, buriko burashiramwo inguvu mu kumugondoza ngo yisubireko, nk'uko vyandikwa na Daily Mirror.