Nta cobuza Guardiola kuja muri Man City

Pep Guardiola Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Pep Guardiola

Umumenyereza wa Pep Guardiola azoza mu mugwi wa Man City n'aho uwo mugwi utotsindira kuja mu migwi izohiganirwa igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo.

Uwo mumenyereza wa Bayern Munich yashize umukono ku masezerano y'imyaka itatu, aakaba azosubirira Manuel Pellegrini muri uyu mwaka.

Ugutsindwa k'uwo mugwi na Man United, vyatumye Man City itakaza icizere co kuzokinira igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo, bituma haba no kwibaza nimba Pep Guardiola adashobora asokora kuza muri uwo mugwi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Guardiola na Pellegrini

Ariko BBC yamenye ko ata kintu na kimwe kiri muri ayo masezerano cotuma Guardiola akuramwo akarenge, bikaba vyitezwe ko ashika muri uwo mugwi mu kwezi kw'indwi.

Ugutsindwa k'uwo mugwi ku musi w'Imana, vyatumye uwo mugwi uja mu kibanza ca kane, ikaba ishobora ishobora kwitaba inkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo, irusha inota rimwe gusa Man Utd na West Ham.

Imigwi yose iramaze gukina inkino 30 mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.