Cech yagizwe umukinyi wa mbere mu gihugu ciwe

Umunyegoli Petr Cech yatahukanye ikibanza c'umukinyi mwiza mu gihugu
Image caption Umunyegoli Petr Cech yatahukanye ikibanza c'umukinyi mwiza mu gihugu

Umunyegoli mpuzamakungu wo mu gihugu ca Tchecoslovaquie, Petr Cech, yatangajwe n'igihugu ciwe ko ari we mukinyi mwiza w'uyu mwaka.

Cech afise imyaka 33, yatowe n'abamenyereza, abakinyi hamwe n'abakuru b'imigwi ngo atware ako gashimwe kagira kane k'umukinyi wa mbere mwiza mu gihugu ciwe.

Uwo munyegoli yarushije abandi bakinyi bo mu mugwi nserukiragihugu, umukinyi w'imbere wa Sparta Prague, David Lafata n'umukinyi wo hagati, Vladimir Darida, akinira umugwi wa Hertha Berlin.

Uwo munyegoli w'umugwi wa Arsenal amaze gukinira umugwi w'igihugu ciwe incuro 118 kuva atanguye kuba umukinyi mpuzamakungu mu 2002.