Leicester City izohura na Barcelone hamwe PSG

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abakinyi ba Leicester bariko barigina igitsindo ca Riyad Mahrez mu rukino rwabahuje na Crystal Palace ku wa gatandatu uheze

Umugwi wa Leicester wo mu Bwongereza uzokina n'umugwi wa mbere I Buraya, umugwi wa Barcelone wo muri Espagne, mu kwezi kw'umunani uyu mwaka.

Iyo migwi izohura mu gikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo gikinirwa imbere y'uko uwundi mwaka w'inkino utangura.

Uwo mugwi uri imbere mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza bazohura kandi n'umugwi wabaye uwa mbere mu Bufaransa wa Paris Saint Germain.

Leicester bazohura na Celtic mu gisagara ca Glasgow itariki 23 z'ukwezi kw'indwi, PSG mu gisagara ca Angeles itariki 30 z'ukwezi kw'indwi hamwe na Barcelone mu gisagara ca Stockholm itariki 3 ukwezi kw'umunani.

Uwo mugwi n'umwe mu migwi itanu zo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza zizoja muri izo nkino, ahanini ibera muri amerika.

Iyindi migwi yo mu Bwongereza ni Man United, Liverpool, Man City na Totteham Hotspur.

Izo nkino zitegekanijwe gutya:

  • 23 Julai - Celtic v Leicester, Glasgow24 Julai - Inter v PSG, Eugene
  • 27 Julai - Real Madrid v PSG, Columbus
  • 27 Julai - Bayern Munich v AC Milan, Chicago
  • 27 Julai - Chelsea v Liverpool, Pasadena
  • 30 Julai - Celtic v Barcelona, Dublin
  • 30 Julai - Inter v Bayern Munich, Charlotte
  • 30 Julai - AC Milan v Liverpool, Santa Clara
  • 30 Julai - PSG v Leicester, LA
  • 3 Agosti - Barcelona v Leicester, Stockholm
  • 3 Agosti - Bayern Munich v Real Madrid, East Rutherford
  • 3 Agosti - AC Milan v Chelsea, Minnapolis
  • (Kuthibitishwa baadaye) - Liverpool v Barcelona
  • (Kuthibitishwa baadaye) - Inter v Celtic
  • (Kuthibitishwa baadaye) - Real Madrid v Chelsea