FIFA iriko igira amatohoza ku bantu 5 harimwo Beckenbauer

Franz Beckenbauer Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Franz Beckenbauer yari arongoye umugwi ujejwe gutegura inkino z'igikombe c'isi co mu 2006

Uwahoze ari umukinyi rurangiranwa hanyuma akaza kuba umumenyereza w'umugwi nserukiragihjugu w'Ubudagi yatwaye igikombe c'isi, Franz Beckenbauer, yavuzwe mu rutonde rw'abantu batandatu bagirizwa gutanga igiturire mu kugura igikombe c'isi c'umwaka 2006 mu Budagi.

Akanama kajejwe inyifato nziza muri FIFA, yashize ahabona urutonde rw'abantu batandatu bari imbere mu gusaba ko izo nkino z'igikombe c'isi zibera mu Budagi.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Budagi ryarashize ahabona icegeranyo co mw'ibanga cagizwe n'iperereza catumye uwo mukinyi rurangiranwa w'umugwi nserukiragihugu w'Ubudagi, kwemera ko yakoze amakosa igihe bariko baraharanira koi co gikombe kibera iwabo.

Mu kwezi kw'icumi mu mwaka uheze, Beckenbauer afise imyaka 70, yarasavye ikigongwe ku ngingo no ku majambo yagiye aragira igihe bariko baraharanira izo nkino.

Ubudagi ico gihe bwatsinze Afrika y'epfo kw'ijwi rimwe gusa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Mu kwezi kw'icumi umwaka uheze, Franz Beckenbauer, yarasavye imbabazi ku bikorwa n'amajambo yavuzi mu gusaba ko inkino zibera mu Budag

Ubudagi bwaronse amajwi 12 kuri 11 ya Afrika y'epfo mu matora yabaye mu mwaka 2000.

Urutonde rw'abo bantu batandatu

  1. Franz Beckenbauer
  2. Wolfgang Niersbach
  3. Helmut Sandrock
  4. Theo Zwanziger
  5. Horst Schmidt
  6. Stefan Hans

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Franz Beckenbauer yari kizigenza w'umugwi nserukiragihugu w'Ubudagi bw'uburengero mu 1974.

Ikinyamakuru kigira amatohoza co mu Budagi, Der Spiergel, canditse mu mwaka uheze ko abateguye inkino z'ico gikombe begeranije imiliyoni 6.7 z'ama euro, yo gutanga kugira izo nkino zibere mu Budagi.

Beckenbauer, Zwanziger, Schmidt na Hans bagirwako amatohoza yo gukora ivyaha vyo gutanga igiturire, kugira abitavye amatora bahe amajwi Ubudagi, co kimwe n'ubundi bushimwe bwinshi, kuri bamwe bamwe.

Ku ruhande rwabo, Niersbach na Sandrock bagirwako amatohoza ku vyaha vyo kutavuga ko hari amategeko yarenzwe agenga akanama kajejwe imigenzo myiza muri FIFA.

Beckenbauer yarakiniye umugwi w'igihugu c'Ubudagi bw'uburengero, baranatwari n'igikombe c'isi co mu 1974.

Mu nyuma yaramenyereje uwo mugwi imyaka 16, aho batwaye igikombe c'isi mu gihugu c'Ubutaliano.

Yarigeze kandi kumenyereza imigwi ya Marseille na Bayern Munich, aho yabaye na prezida w'uyo mugwi.