Yordaniya yatsinze Bangladesh 8-0

Umumenyereza Harry Rednap aganira na bagenzi be Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igihugu ca Yordaniya ntikirigera kija mu nkino z'igikombe c'isi yose

Umugwi w'igihugu wa Yordaniya waronse intsinzi ikomeye cane mu rukino rwa mbere rw'umumenyereza w'imfatakibanza Harry Redknapp.

Uwo mugwi watsinze Bangladesh ibitego 8-0 mu nkino zo gukuranamwo z'igikombe c'isi, urukino rwabaye ku musi wa kane ku kibuga ca Amman.

Umukinyi w'imbere w'umugwi wa Al-Kuwait Hamza Al-Dardour, yatsinze ibitego bitatu mu gice ca mbere, bakaba bagiye kuruhuka bafise ibitego 5-0.

Yordaniya bari mu kibanza ca 2 mu mugwi B, urimwo ibihugu 5, bakaba barushwa na Australyia amanota 2, bazohura itariki 29 z'ukwezi kwa gatatu mu gisagara ca Sydney.

Redknapp, yahoze amenyereza Tottenham, yaremeye kumenyereza Yordaniya mu nkino 2 za nyuma zo mu mugwi barimwo.

Mu ntango z'iyi ndwi, ashobora kubandanya abamenyereza.