Uwafashije El Chapo kunyegeza amahera yafashwe

Guzman yahagaritswe mu kwezi kwa mbere mu gihugu ca Mexique Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Guzman yahagaritswe mu kwezi kwa mbere mu gihugu ca Mexique

Abajejwe umutekano mu gihugu ca Mexique, bafashe umugabo umwe bavuga ko yafashije kunyegeza amahera y'umudandaza akomeye w'ibiyayuramutwe Joaquin Guzman, azwi kw'izina rya "El Chapo".

Juan Manuel Alvarez Inzunza, azwi kw'izina rya "King Midas", yafashwe ari mu karuhuko mu ntara ya Oaxaca, mu bumanuko bw'ico gihugu.

Guzman, yahoze arongo umugwi wa Sinaloa, ubu arindiriye ko ajanwa muri Amerika kw'ishura ku vyaha yagirizwa.

Yafashwe mu kwezi kwa mbere inyuma yo gutoroka ibohero mu mwaka uheze.

Inzunza yagirizwa kugura amahera ari hagati y'imiliyoni 300-400 z'amadollar y'umugwi wa Sinaloa biciye mu mashirahamwe atandukanye n'ibibanza vyo kuvunjishirizamwo amahera.

Sentare imwe yo mu ntara ya Washington yasavye ko Inzunza yofatwa kandi ashobora kujanwa muri Amerika kwishura kuvyo yagirizwa.

Guzman na we nyene ararindiriwe muri Amerika kwishura ku vyaha vyo kugurisha cocaine I California, hamwe n'ubwicanyi bw'I Texas.