Ibrahimovic: Imigwi yo mu Bwongereza iranshaka

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Zlatan avuga ko azova mufri PSG ihiganwa ry'uyu mwaka rirangiye

Umukinyi w'imbere w'umugwi nserukiragihugu wa Suede, Zlatan Ibrahimovic, yavuze ko imigwi myinshi yo mu Bwongereza imwipfuza.

Ubu akinira umugwi wa mbere mu gihugu c'Ubufaransa, Paris Saint Germain.

Uwo mukinyi w'imyaka 34, azorangiza ikiringo ciwe co gukina muri uwo mugwi mu mpera z'uyu mwaka, vyamye binuganugwa ko ashobora kuja muri Man United, Chelsea canke Arsenal.

"Bagumye bandondera ariko reka tubanze dutenyenye gato turabe," ni ko yavuze.

"Ariko buzomera nk'ubugeni, impande zose zitegerezwa kwumvikana."

Ibrahimovic amaze gutwara igikombe mu bihugu bine bitandukanye I Buraya.

Yaratwaye igikombe muri Hollande(Ajax), mu Butaliano(Inter Mila, AC Milan), muri Espagne(Barcelone) hamwe no mu Bufaransa(PSG).

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Zlatan Ibrahimovic

Inyuma y'aho PSG itsindiye Troyes 9-0 mu ntango z'uku kwezi, Ibrahimovic yavuze:"Ubu(uko ibintu vyifashe), sinzoba ndi muri PSG mw'ihiganwa rikurikira. Ndacafise ukwezi kumwe n'igice ngaha."

"Igihe bohindura umunara wa Eiffel bakahashira ishusho yanje, aho nokwemera nkaguma aha."

Ibrahimovic amaze gutsindira igihugu ciwe ibitego 62 mu nkino 111.