Ferguson aha amahirwe Leicester ko izotwara igikombe

Leicester city Uwufise ububasha kw’isanamu FACUNDO ARRIZABALAGA/EPA

Uwahoze amenyereza umugwi wa Man United, Sir Ferguson, yemeza ko Leicester City bakwiye kutwara igikombe c'ihiganwa ryo mu Bwongereza uyu mwaka.

Leicester, bagize umwaka mwiza wa 2015-2016 mu gihe bakiri imbere barusha umugwi wa kabiri amanota atanu, mu gihe basigaje inkino indwi.

Mu mwaka uheze, umutima wama uhagaze muri uwo mugwi wa Leicester kuko bagwana no kudakoroka mu cicero ca kabiri, ariko ibintu vyagenze ukundi muri uyu mwaka.

Uravye ingene bitanze batiziganya muri uyu mwaka bariko baramenyerezwa na Claudio Ranieri,, Ferguson yibaza ko ata mugwi n'umwe ifise amahigwe yo gutwara ico gikombe atari Leicester.

Ferguson yatwaye ibikombe 13 mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza amenyereza umugwi wa Man United, yavuze ko aravye ubushobozi berekanye, ko ata nkeka Leicester bakwiye gutwara igikombe c'uyu mwaka.