Zidane ngo nta mpungenge atewe na Barca

Umumenyereza wa Real Madrid, Zinedine Zidane Uwufise ububasha kw’isanamu PIERRE-PHILIPPE MARCOU
Image caption Zinedine Zidane avuga ko Barcelona ata bwoba na bukeyi imuteye

Mu gihe ruhava rwambikana muri Espagne mu rukino rw'umupira w'amaguru ruzwi nka El Clasico hagati ya Real Madrid na Barcelona, umumenyereza wa Real, Zinedine Zidane, ngo nta bwoba.

Barcelona niyo iri imbere mw'ihiganwa n'amanota cumi irusha iya kabiri, ikaba yimirije gutahukana igikombe ca gatatu uno mwaka.

Real, iheruka gutwara igikombe ca Espagne mu 2012, ni iya gatatu mu gihe hasigaye gusa inkino umunani ngo ihiganwa rihere.

Zidane ejo kuwa gatanu yagize ati "Ndatekanye. Uru ni urukino rw'umupira w'amaguru - kandi ruzondyohera".

Rafael Benitez niwe yamenyereza Real igihe Barcelona yayinyagira 4-0 ku kibuga ca Bernabeu, itariki 21 z'ukwa cumi na rimwe, urukino rwamuviriyemwo gutangura guhagarara nabi, aza kwirukanwa nyuma y'amezi indwi gusa muri ako kazi.

Zidane yongeyeko ati "nta tiro bimbuza na gatoyi", mu gihe arirwo rukino rwiwe rwa mbere rwa El Clasico ari umumenyereza.

"Ni urukino rw'umupira w'amaguru kandi duhagaze neza".

Zidane afise abakinyi bahagaze neza ashobora guhitamwo, naho myugariro Raphael Varane atagaragaye mu mwimenyerezo wo kuwa gatanu nyuma yo gukomereka ari gukinira Ubufaransa.