Ubwongereza bwatanguje itohoza ku miti mu nkino

Ikoreshwa ry'imiti yongera inguvu riravugwa mu nkino mu Bwongereza
Image caption Ikinyamakuru The Sunday Times gifise video y'umuganga yemanga ko yahaye abakinyi imiti yongera inguvu

Leta y'Ubwongereza yatanguje itohoza kw'ikoreshwa ry'imiti yongera inguvu mu nkino muri ico gihugu.

Ikinyamakuru The Sunday Times cafashe video mw'ibanga y'umuganga, Mark Bonar, avuga ko yandikiye imiti yongera inguvu ba rurangiranwa mu nkino bashika 150 mu myaka itandatu iheze, harimwo n'abakina mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru, Premier League.

Muganga Bonar yahakanye ko hari icaha yakoze, avuga ko yahaye imiti abanonotsi babigize umwuga ku mvo z'ubuvuzi.

Ico kinyamakuru nta vyemeza vyigenga gifise vyemanga ko uwo muganga yavuye abakinyi.

Leta ishaka kuraba ingene ivyagiriji vy'ikigo kibuza imiyi nk'iyo mu Bwongereza, vyafashwe.

Ico kigo kivuga ko ibivugwa n'ikinyamakuru The Sunday Times biteye ubwoba.