Real Madrid batsinzwe, Man City na PSG baranganya

Umumenyereza wa Real Madrid, Zinedine Zidane, yavuze ko bagifise icizere Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umumenyereza wa Real Madrid, Zinedine Zidane, yavuze ko bagifise icizere

Ihiganwa ry'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya riteye mu gice ca kane gishira ica nyuma, ryabandanije aho hakinywe inkino zibiri.

Wolfsburg, bari ku kibuga cabo ca Volkswagen Arena, batsinze Real Madrid 2-0.

Ricardo Rodriguez ni we yabanje kwinjiza igitsindo ca mbere kuri penalty inyuma y'aho Andre Shurrle akiniwe nabi na Casemiro.

Ku munota wa 18, Max Arnold yatsinze igitego kigira kabiri.

Mu rundi rukino, Man City aho bariko barakinira mu gihugu c'Ubufaransa banganije n'umugwi wa PSG.

Ibitego vya PSG vyingijwe na Zlatan Ibrahimovic hamwe na Adrien Rabiot, mu gihe ibitsindo vya Man City vyinjijwe na Kevin De Bruyne hamwe na Fernandinho.

Zlatan Ibrahimovic, yahushije penalty yakuwemwo n'umunyegoli wa Man City Joe Hart.