Liverpool mu ½ ca Europa Ligue

Abakinnyi b'inyuma ba Liverpool Mamadou Sakho na Dejan Lovren bombi batsinze ibitego Dortmund Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abakinnyi b'inyuma ba Liverpool Mamadou Sakho na Dejan Lovren bombi batsinze ibitego Dortmund

Umugwi wa Liverpool waraye uronse uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri gishira ica nyuma muri Europa Ligue.

Inkino z'igice ca kane gishira ica nyuma za Europa zarabandanije kuri uyu wa kane, aho habaye inkino zine, Liverpool ikaba yatsinze Borrussia Dortmund 4-3.

Ibitego vya Liverpool vyinjijwe na Divock Origi, Philippe Coutinho, Mamadou Sakho na Dejan Lovren.

Ibitego vya Dortmund na vyo vyinjijwe na Henrikh Mkhitaryan, Pierre-Emerick Aubameyang na Marco Reus.

Seville yakuyemwo Athletic Bilbao kuri penaliti 5-4, kubera bari banganije 3-3 mu minota yategekanijwe y'urukino.

Villareal yatsinze Sparta Prague 4-2 mu gihe Shakhtar Donetsk na yo yatsinze Sporting Braga 4-0.

Ubu rero Liverpool, Seville, Shakhtar Donetsk na Villarreak nib o bagiye mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.