Manchester United 1-0 Aston Villa

Marcus Rashford yinjirije Manchester United yatsinze Aston Villa Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Marcus Rashford yinjije igitego ciwe ca 4 mu nkino za league z'uyu mwaka

Aston Villa yasubijwe mu ciciro ca kabiri ubw ambere kuva mu 1987, imaze gutsindwa na Manchester United.

Marcus Rashford niwe yatsinze igitego kimwe rukumbi yakwepesheje Antonio Valencia kigaca mu maguru y'umunyezamu Brad Guzan.

Villa yari yatanguye yitwara neza, n'ubwo bari bahatswe kwinjiza ariko kikarwa ku mwamba.

Rwari urukino rugira icenda Aston itsinzwe yikwirikiranya, ratuymye amanota imaze gutakaza agera kuri 15, ikiba isigaje inkino zine gusa.

Uku niko vyagenze mu zindi nkino z'uno munsi

Norwich 0- 3 Sunderland

Everton1- 1 Southampton

Man Utd 1- 0 Aston Villa

Newcastle 3- 0 Swansea

West Brom 0-1 Watford

Chelsea 0-3 Man City

Ibindi kuri iyi nkuru

Imihora ya Internet bijanye

BBC ntibazwa ibivuye mu mguga zitari izayo