Barcelone yatsinzwe ubwa gatatu yikurikiranya

Messi yatsinze igitsindo kigira 500 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Messi yatsinze igitsindo kigira 500

Umugwi wa Barcelone ubu uri kw'isonga mu gihugu ca Espagne, watsinzwe ubugira gatatu mw'ihiganwa ryo muri ico gihugu, inyuma yo gutsindwa na Valence 2-1 ku musi w'Imana.

Ni ubwa mbere uwo mugwi utsindwa gatatu kikurikiranya kuva mu 2003.

Ikintu gusa ciza cabaye muri urwo rukino ku ruhande rwa B\arcelone, n'uko umukinyi wabo rurangiranwa Lionel Messi yinjije igitego ca 500.

Ivan Rakitic yaracenze umupira uca ufatwa na Guilherme Siqueira yaciye yinjiza igitsindo ca Valence ca mbere.

Mu nyuma, Santi Mina yaciye atsinda igitego kugira kabiri mu mpera z'igice ca mbere.

Ubu Barcelone baguma mu kibanza ca mbere kuko bafise ibitsindo vyinshi gusumba Atletico Madrid.

Barcelone bafise amanita 76, bakagira ibitego 59, mu gihe Atletico bafise ayo manota nyene n'ibitego 41.

Real Madrid iri mu kibanza ca kabiri n'amanota 75, hamwe n'ibitsindo 68.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Barcelone yarusha iya kabiri amanota 9 mu ntango z'uku kwezi

Barcelone, bamenyerezwa na Luis Enrique, batanguye ukwezi kwa kane, barusha Atletico amanota 9 ariko ubu bakaba banganya.

Batanguye batsindwa na Real Madrid muri El Clasico.

Atletico ni bo babasezereye mw'ihiganwa ry'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya.

Barcelone bashobora kuva mu kibanza ca mbere mu gihe botsindwa na Deportivo LA Coruna ku musi wa gatatu.

Atletico bazoba bariko barakina na Atletic Bilbao mu gihe Real Madrid bazoba bahanganye na Villarreal.