Umukuru wa FIFA ashaka ko mu gikombe cy'isi cya 2018 hakwifashishwa video

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ikoranabuhanga rigezweho mu kwemeza niba umupira warenze umurongo w'izamu risanzwe ryifashishwa muri Premier League, Bundesliga na Serie A

Prezida w'ishirahamwe mpuzamakungu ry'umupira w'amaguru, Gianni Infantino yizeye ko mu gikombe c'isi co mu 2018 kizokinirwa mu Burusiya, buzoba ari ubwa mbere aho video zizofasha abahagarikizi mu ngingo ziriko zirahinduka muri urwo rukino.

Mu kwezi kwa gatatu, ihuriro ry'amashirahamwe y'umupira w'amaguru kw'isi(IFAD) ryavuze ko rizogerageza ubwo buhinga mu kiringo c'imyaka ibiri mu kuraba ibitego, amakarata atukura, ukwihenda kubakoze amakosa hamwe no ku mapenalty.

Vyari bitegekanijwe ko bitangura bitarenze umwaka wa 2017-2018 ariko Infantino yavuze ko ukugerageza ubwo buhinga bishobora gutangura ubu kandi bikazofata imyaka ibiri.