Barcelone yanyagiye Deportivo

Icyamamare Suarez Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Icyamamare Suarez

Umugwi w'umupira w'amaguru wa Barcelone waronse intsinzi ikomeye mu kunyagira umugwi wa Deportivo La Coruna ibitego 8-0.

Umukinyi w'imbere w'uwo mugwi, Luis Suarez, ni we yabanje kwinjiza igitego ca mbere ku munota wa 11, imbere yo gutsinda ibindi bitatu ku minota ya 24', 53' na 64'.

Ibindi bitsindo vy'uwo mugwi vyinjijwe na Ivan Rakitic, umukinyi w'inyuma Marc Bartra hamwe n'abakinyi bakomeye b'imbere Lionel Messi na Neymar Jr, umwe wese akaba yatsinze igitego kimwe kimwe.

Barecelone babandanya kuba kw'isonga n'amanota 79, Atletico ya kabiri n'amanota 79 nyene, bakaba babarusha ibitego gusa, mu gihe Real Madrid bari mu kibanza ca gatatu n'amanota 78.

Ibindi bisa n’ibi