Vardy yemeye ivyo yagirizwa na FA

Jamie Vardy Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Jamie Vardy

Umukinyi w'imbere w'umugwi wa Leicester, Jamie Vardy yemeye ivyo yagirizwa vyo kutitwara neza mu kibuga.

Uwo mukinyi w'imyaka 29 yarasugereje cane umuhagarikizi Jon Moss inyuma yo kwirukanwa mu kibuga mu rukino rwo ku musi w'Imana, aho banganije ibitego 2-2 na West Ham.

Kwemera ivyo yagirizwa n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza(FA) Vardy, yari yahamagaje ikiganiro n'abamenyeshamakuru co kwisigura, ashobora kwongererezwa igihano k'uco yari yaronse co kudakina urukino rumwe.

Umugwi wa Leicester nawo wemeye ikosa ryo kudashobora gusukamwo ma bisi mu bakinyi bawo igihe haba urwo rukino.

Vardy, aza imbere mubamaze gutsinda ibitego vyinshi, aho ubu afise 22, ntazokina urukino ruzobahuza na Swansea ku musi w'Imana, kandi mu gihe yokongererezwa igihano, ashobora no kutazoba ari mu rukino ruzobahuza na Man Utd itari imwe z'ukwezi kwa gatanu.

Leicester barusha amanota 5 Tottenham, bakaba bakeneye amanota 8 mu nkino 4 zisigaye, kugira batahukane ikibanza ca 1 uyu mwaka.

Mu nkino zabo 4 za nyuma bazohura na Swansea, Man Utd, Everton na Chelsea.

Ibindi bisa n’ibi