Crystal Palace na Man Utd mu rukino rwa nyuma rwa FA

Yannick Bolasie wa Crystal Palace (i bubamfu), ahiganirwa umupira na Jose Jurado (i buryo) wa Watford mu rukino rw'ica Kabiri ca FA Cup ku kibuga ca Wembley Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Crystal Palace izohura na Manchester United mu rukino rwa nyuma rwa FA mu kwezi kuza

Umugwi w'umupira w'amaguru wa Crystal Palace wo mu Bwongereza waronse uburenganzira bwo kuja mu gice ca nyuma c'igikombe ca FA inyuma yo gutsinda Watford United 2-1 mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.

Inyuma y'iyo ntsinzi ku kibuga ca Wembley, mu gisagara ca Londres, ubu Crystal Palace bazotana mu mitwe na Man United bakuyemwo Everton ku bitego 2-1 mu kindi gice ca kabiri gishira ica nyuma.

Imbere y'akaruhuko, Palace yari yatsinze igitego 1-0, cinjijwe na Yannick Bolasie.

Mu gice kigira kabiri, Watford barashoboye kwinjiza na bo, igitego cinjijwe na Deeney ariko inyuma y'iminota itandatu gusa Connor Wickham aca atsinda ikindi gitego kigira kabiri ca Crystal Palace.

Urukino rwa nyuma ruzoba mu kwezi kwa gatanu, itariki 21 ku kibuga ca Wembley nyene.