Wenger afise ubwoba kw’ihiganwa ryo mu Bwongereza

Arsene Wenger Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Arsene Wenger atinya ko Arsenal izohava inanirwa guheza muri zine za mbere mw'ihiganwa ry'Ubwongereza

Arsene Wenger afise ubwoba ko umugwi wiwe wohava utaja mu migwi ine yabaye iya mbere iwabo.

Umumenyereza w'umugwi wa Arsenal, Arsene Wenger, yavuze ko atanguye kugira ubwoba kw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza.

Yavuze ko ubwoba afise buturuka ku kwibaza igihe umugwi wiwe wonanirwa kuja mu migwi yabaye iya mbere iwabo ku ncuro ya mbere mu myaka 19.

Arsenal yarabuze akaryo ko kuduga mu kibanza ca gatatu ku rutonde rw'ubu inyuma y'aho banganirije na Sundland ku musi w'Imana.

"Turafise ubwoba cane ubu rero hagiye kuba intambara ikomeye," uko ni ko Wenger yavuze mu ntambara yo gushaka ko Arsenal iguma muri zine za mbere.

"Birababaje kubera twebwe dukina kugira tube aba mbere, mu gihe rero tutabishitseko, birababaza."

Ntirigera ija munsi ya zitatu za mbere

Arsenal ntirigera iba iya kane mu migwi ine myiza mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza kuva mu 1995-1996.

Ubu bari inyuma amanita 12 yose y'umugwi uza ubwa mbere wa Leicester City, mu gihe basigaje inkino zitatu.

Bari imbere ya Man United iri mu kibanza ca gatanu amanota atanu gusa kandi bafise urukino batarakina.

Arsenal izokina na Norwich itariki 30 ukwezi kwa kane, bakine na Man City itariki 8 ukwezi kwa gatanu, hanyuma bahure na Aston Villa itariki 15 z'ukwezi kwa gatanu.

Man United bazokina na Leicester itariki imwe z'ukwezi kwa gatanu, hanyuma bakine na Norwich itariki 7 z'ukwezi kwa gatanu hanyuma bahure na Westham itariki 10.

Bazorangiza ihiganwa bahuye na Bournemouth itariki 15 z'ukwezi kwa gatanu.