Tottenham yagabanirije akazi Leicester City

Tottenham na West Brom mu rukino rw'itariki 25/04/2016 Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Tottenham yananiwe kugabanya amanota irushwa na Leicester, mu kunganya na West Brom ku kibuga ca White Heart Lane

Umugwi wa Leicester City uzotahukana intsinzi mw'ihiganwa ry'uyu mwaka mu Bwongereza, mu gihe kuri uyu w'Imana woshobora gutsinda umugwi wa Man United ku kibuga ca Old Trafford.

Iyo ntsinzi igira iya 20 izoba ikwiye kugira bizere gutwara igikombe c'uyu mwaka, inyuma y'aho Tottenham banganirije na West Brom 1-1 ejo kuwa mbere.

Ivyo bitsindo vyose vyinjijwe n'umukinyi w'inyuma wa West Brom, Craig Dawson, kimwe yaciyinjije ku munota wa 33 ariko mu nyuma aza kwikura mu kabaregwa mu gutsindira umugwi wiwe igitego ku munota wa 73.

Uko kunganya kwa Tottenham kwatumye uwo mugwi uguma urushwa na Leicester amanota 7, mu gihe iyo migwi yose isigaje inkino zitatu.

Amahirwe make cane

Leicester City imenyerezwa na Claudio Ranieri, batanguye ihiganwa bafise amahigwe yo gutwara igikombe angana na 5,000-1.

Ariko Arsenal, Man City, Man United hamwe na Chelsea bafise igikombe co mu mwaka uheze, basanzwe kenshi ari bo batwara ico gikombe, barananiwe muri uyu mwaka.

Agira ico avuze inyuma y'urukino rwo ku wa mbere, umumenyereza wa West Brom, Tony Pulis, yabwiye BBC Radio 5 ko: "Nshaka Leicester itahukane intsinzi. Leicester bafise kahise gateye ubwoba, kandi sinibaza ko bishobora kuzosubira gushika aha mu gihugu cacu."

"Ico Leicester bashobora kugira ni gukora bivuye inyuma kugira baronke intsinzi nk'uko babikoze. Nibaza ko ari ikintu gikomeye cane. Ariko baracafise akazi gakomeye."

Leicester n'umugwi w'umugwizatunga Vichai Srivaddhanaprabha wo mu gihugu ca Thailand, ntibari bwigere batwara igikombe c'ihiganwa ryo mu Bwongereza mu myaka 132 imaze.

Bamaze gutsindira kuja mw'ihiganwa ry'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya.

Ibindi bisa n’ibi