Man City na Real Madrid banganije muri ½

Lucas Modric wa Real Madrid na Aguero bagwanira umupira Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Real Madrid na Manchester City batandukanye atawurushije uwundi

Man City na Real Madrid batandukanye banganya 0-0 mu rukino rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma ku makipe yabaye aya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya.

Ayo makipe azosubira guhura ku kibuga ca Bernabeu mu gisagara ca Madrid mu gihugu ca Espagne mu rukino rwo gusubiza.

Urundi rukino rw'ica kabiri gishira ica nyuma rukinwa kuri uyu wa gatatu hagati ya Atletico Madrid na Bayern Munich mu gisagara ca Madrid, ku kibuga ca Estadio Vicente Calderon.

Inkino za nyuma zizoba ku wa gatandatu itariki 28 ukwezi kwa gatanu.

Ibindi bisa n’ibi