Atletico Madrid yatsinze Bayern Munich

Bayern Munich ikina na Atletico Madrid Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Umugwi wa Atletico Madrid waraye utsinze Bayern Munich 1-0 mu rukino rwa mbere rwo mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu migwi yabaye iya imbere I Buraya.

Inkino z'igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya, ziteye mu gice ca kabiri gishira ica nyuma zirabandanya, aho Atletico Madrid yaraye yirahiye Bayern Munich ku kibuga ca Vicente.

Atletico yatsinze igitego kimwe cinjijwe n'umukinyi Saul Niguez.

Iyo migwi izosubira guhura mu ndwi iza mu rukino ruzoyitandukanya kugira kugira hamenyekane uwuzoja mu rukino rwa nyuma.