Sadio Mane asabwa kubandanya akina neza nk'ejo

Sadio Mane wa Southampton Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Sadio Mane amaze kwinziza ibitego indwi mu nkino zitandatu ziheruka

Umumenyereza w'ikipe yo mu Bwongereza ya Southampton, Ronald Koeman, ashaka ko rutahizamu w'Umunyesenegal, Sadio Mane, abandanya akina neza nk'ejo kuwa Mungu aho yinjiza bitatu.

Mane w'imyaka 24 yahesheje ikipe yiwe intsinzi ya 4-2 kuri Manchester City, ubu akaba amaze kwinjiza ibitsindo cumi muri iri higanwa.

Koeman yagize ati: "Sadio ntushobora kumenya uko aza kuvyifatamwo rimwe na rimwe.

"Ni umukinyi akiri muto, kandi abakinyi bakiri bato hari igihe bakenera umwanya munini kugira bakine kumwe igihe cose. Sadio kuwa Mungu yari yitonze kandi akina neza cane."

Mane yagize ibihe bidasa muri iyi kipe ya Premier League.

Yahuye n'ibihe bitoroshe hagati y'ukwezi kwa cumi na rimwe n'ukwa gatatu aho yamara inkino 19 ata gitsindo yinjije.

Ariko ubu yasubiriye gukina neza imbere, akaba amaze kwinjiza inshuro indwi mu nkino zitandatu ziheruka.