Atletico Madrid yatsindiye kuja mu gice ca nyuma

Umukinnyi wa Atletco Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umukinnyi wa Atletco

Umugwi w'umupira w'amaguru wa Atletico Madrid ubu urindiriye kuja mu rukino rwa nyuma rw'imigwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Buraya inyuma yo gutsindira igitego mu Budabi, mu rukino rwabahuje n'umugwi wa Bayern Munich.

Mu gihe Atletico yari isanganywe igitego yinjirije iwabo mu rukino rwa mbere rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma muri Espagne, Bayern yaranganije biciye ku mukinyi Xavi Alonso mu rukino rwabereye ku kibuga ca Allianz Arena ku musi wa kabiri.

Umunyegori wa Atletico, Jan Oblak, yarakuyemwo penalty yatewe n'umukinyi w'imbere wa Bayern, Thomas Muller, imbere y'uko Antoine Griezmann yinjiza igitego ca Atletico, baca bagira 1-1.

Robert Lewndowski, ni we yatsinze igitego kigira kabiri ca Bayern ahawe umupira ku mutwe wa Arturo Vidal.

Atletico vyarayinaniye kwishura ico gitego, inyuma y'aho umunyegori wa Bayern, Manuel Neuer akuriyemwo pnalty yatewe na Fernando Torres.

Ufatiye ku rukino rwa mbere n'urwo gusubiza, iyo migwi yose inganya 2-2, ariko Atletico ni yo izoja mu rukino rwa nyuma kubera igitego yinjije hanze.

Mu rukino rwa nyuma, Atletico bazohura n'uwuzoba yatsinze hagati y'imigwi ya Real Madrid na Man City, mu rukino ruza kubahuza uyu musi.

Ibindi bisa n’ibi