Chris Waddle avuga ko Man City yasa n'iyifise ubwoba

Manchester City Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Manchester City yari igeze muri ca kabiri ca Champions League ku nshuro ya mbere

Umukinyi rurangiranwa wa kera w'Ubwongereza, Chris Waddle, avuga ko Manchester City yiyubara cane, ntiyihe amahirwe kandi igakina ata ngoga aho yakurwamwo na Real Madrid mu ca kabiri ca Champions League.

Ikipe ya Manuel Pellegrini yananiwe gushika mu canyuma ca Champions League ku nshuro ya mbere, mu gutsindwa 1-0 mu rukino rwa kabiri rw'ica kabiri c'ihiganwa ku murwa mukuru wa Espagne.

Umupira watewe na Gareth Bale wahinduriwe mw'igori na Fernando agerageje kuwuzibira, mu rukino Madrid yihariye mu gihe City yasa n'iyaburaniwe.

Ariko naho atashimye uko City yavyifashemwo, aho yogeza urukino kuri BBC Radio 5 live, Waddle yavuze ko City bigaragara ko imbere hayo ari heza.

None vyapfiriye hehe?

Waddle agira ati: "Eka ntibimaramaje gutsindwa na Real Madrid, uburyo watsinzwe nibwo buba bubi.

"Manchester City ntiyigeze ikinana ingonga. Vyasa nk'uko bafise ubwoba bwa Madrid. Iyo kipe yari gushobora kubatsinda nka bitatu canke bine.

"Umunyegoli Joe Hart yagumije City mw'ihiganwa mu nkino zose zibiri kandi Madrid yoyo ntaco yarifse itakaza - kwari gutsinda igitego ca mbere ugatsinda urukino - ariko barahererekanije uko bashaka.

"Iyo ugerageje ugatsindwa, abarorerezi bataha bagira bati: 'Twagerageje koko'. Ariko ivyo ntiwobivuga ku kuntu City yakinye.

"Sergio Aguero yasa n'uwagoswe kandi ntiyashika imbere. Bashaka gukenyura ariko ntaco bigize bashikako."