Mazembe na Etoile birondera impozo muri Conf Cup

TP Mazembe
Image caption TP Mazembe na Etoile Sahel zimaze gutsindira Confederation Cup inshiro icende imwe imwe yose

Ibihangange vyo muri Afrika mu mupira w'amaguru, Etoile Sahel na TP Mazembe, mu mpera z'indwi biratangura kurondera guhiganirwa igikombe ca Confederation Cup, ibintu zitarondera na gato.

Etoile yo muri Tuniziya na Mazembe yo muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo zatanguye uwa 2016 ziri mw'ihiganwa rya Champions League ryo muri Afrika, rihambaye kandi ririmwo amahera menshi mu yandi mahiganwa y'amakipe muri Afrika.

Ariko zose uko ari zibiri zananiwe kurengana iciciro c'ijonjora, Etoile itsindwa kuri za penalti na Enyimba yo muri Nigeria nyuma yo guhanagura inyitangizo y'ibitsindo bitatu vyo mu rukino rwa nyuma.

Mazembe isanganywe igikombe ca Africa c'amakipe yakuwemwo ku bitego bibiri vyinjirijwe hanze vya Wydad Casablanca, muhira naho abo Banyemaroke bishura ku munota wa nyuma.

Etoile a Mazembe zimaze gutwara Confederation Cup icenda imwe imwe yose, ivyo bikaba bimaze kurenzwa na Al Ahly yo mu Misiri gusa, imaze gutwara ico gikombe inshuro 18.

Ibindi bisa n’ibi