Dembele wa Tottenham yahagaritswe inkino zitandatu

Mousa Dembele akoza urutoke mu jisho rya Diego Costa Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Mousa Dembele yahanywe kubera gukora mu jisho rya Diego Costa

Umukinyi wo hagati wa Tottenham yo mu Bwongereza, Mousa Dembele, yahagaritswe n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru imikino itandatu kubera kwitwara nabi kuri Diego Costa wa Chelsea.

Uwo mukinyi w'Umubirigi Dembele, yaseye n'uwukora mu jisho rya rutahizamu Costa mu rukino Tottenham yanganije 2-2 na Chelsea kuwa mbere.

Umuhagarikizi Mark Clattenburg ntiyahanye uwo mukinyi w'imyaka 28 muri urwo rukino.

Dembele yahisemwo kudaharira kuri ico gihano, akaba atazogaragara mu bakinyi ba Mauricio Pochettino gushika ku rukino rwa gatanu mu mahiganwa akurikira.

Yakinye inshuro 29 mu mahiganwa ariko ararangira, yinjiza ibitego bitatu.

Dembele ni umwe mu bakinyi icenda ba Tottenham bahawe amakarata mu rukino banganije i Stamford Bridge - bukaba ari ubwa mbere ikipe ya Premier League ironka amakarata nk'ayo mu rukino rumwe.

Ibindi bisa n’ibi