Patrick Ekeng: Umukinnyi wa Dinamo Bucharest na Kameruni yapfuye aguye amarabira mu kibuga

Patrick Ekeng Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Patrick Ekeng (ibumoso) yakiniye amakipe ya Le Mans na Cordoba

Umukinnyi Patrick Ekeng wo muri Kameruni, ukinira ikipe ya Dinamo Bucharest yapfuye afite imyaka 26 azize igikekwa kuba umutima, nyuma yo kugwa mu kibuga.

Ekeng yaguye amarabira mu kibuga ku munota wa 70 mu mupira hagati ya Dinamo na Vitorul wari wanyujijwe kuri televiziyo muri Romaniya.

Nyuma y'amasaha abiri, ibitaro byemejwe ko yashizemo umwuka.

Ishyirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Kameruni ryemeje aya makuru ku rubuga nkoranyambaga rwa Twitter, mu gihe ikipe Ekeng yahoze akinira ya Cordoba yagize iti: "Nta magambo dufite yo gusobanura akababaro dutewe n'urupfu."

Ekeng kandi yanakiniye amakipe ya Le Mans na Lausanne.

Mu mwaka wa 2003, undi mukinnyi wo mui Kameruni Marc-Vivien Foe yapfuye nyuma yo kugwa agahita araba mu gihe cy'umupira wahuzaga Kolombiya na Kameruni mu Bufaransa.

Stephane Mbia yagize ati; "Umuryango wacu w'umupira w'amaguru muri Kameruni wabuze umuvandimwe. Sinshobora kubyumva. Ukwihangana k'umuryango we. Iruhuko ridashira Patrick Ekeng."

Hector Berlin ukinira Arsenal yagize ati: "Iruhuko ridashira kuri Patrick Ekeng. Birashengura kubona undi mukinnyi apfa ari gukina umukino twese dukunda."

Anthony Martial wa Manchester United yagize ati: "Iruhuko ridashira kuri Patrick Ekeng."

Uwufise ububasha kw’isanamu @StephaneMbia
Image caption Stephane Mbia (iburyo), umukinnyi mugenzi wa Ekeng yamwibutse anyuze kuri Twitter
Uwufise ububasha kw’isanamu @HectorBellerin
Image caption Umukinnyi w'inyuma wa Arsenal Hector Bellerin ni umwe mu bababajwe n'amakuru y'urupfu rwa Ekeng
Uwufise ububasha kw’isanamu @AnthonyMartial
Image caption Umukinnyi rutahizamu wa Manchester United Anthony Martial nawe yababajwe n'urupfu rwa Ekeng