Walter Mazzarri agiye gutoza Watford

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Walter Mazzarri yirukanywe na Inter muri 2014

Ikipe y'umupira w'amaguru yo mu Bwongereza, Watford, yatangaje ko uwahoze atoza Inter Milan. Walter Mazzarri, azatangira kuyitoza guhera mu kwezi kwa karindwi.

Uyu mutaliyani w'imyaka 54 y'amavuko kandi yigeze gutoza amakipe ya Sampdoria na Napoli.

Yasinye amasezeranyo y'imyaka itatu nyuma yaho umutoza Quique Sanchez Flores wari usanzwe atoza Watford agendeye.

Uyu mugabo wo muri Espagne yari amaze igihe kiri munsi y'umwaka umwe atoza iyi kipe yo mu Bwongereza.

Watford irangije shampiyona iri ku mwanya wa 13 kandi yatsinzwe na Crystal Palace muri kimwe cya kane cy'igikombe cya FA.

Mazzarri abaye umutoza wa munani wa Watford mu myaka ine ishize.