Lionel Messi ngo siwe ajejwe amafaranga yiwe

Lionel Messi aho yitaba abamugirako itohoza mu 2013 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Lionel Messi aregwa kutariha amakori ashika ku mamiriyoni y'amadolari

Umukinyi w'umupira w'amaguru rurangiranwa wa Barcelone na Argentine, Lionel Messi, yabwiye sentare ko ivy'amafaranga yiwe atariwe abiraba.

Messi ari mu rubanza rwerekeye kutariha ikori mu gihugu ca Espagne, akaba yabwiye umucamanza ko ibijanye n'amafaranga yiwe ata na kimwe abizimwo ngo we gusa akina umupira.

Messi yongeyeko yuko yizera se wiwe, nawe akaba kandi ariko arakurikiranwa mu butungane.

Uwo mukinyi yarushije abandi kw'isi inshuro zitanu hamwe na se bahakana kutariha ikori muri Espagne ringana n'amamiriyoni y'amadolari, mu kunyegeza amafaranga binjije mu makonte ari hanze.

Barishe ku gushaka amahera angana imiriyoni zitanu z'amadolari yo gutunganya ibitagenze neza, nyuma y'itohoza ryatanguye mu 2013.

Ikigo ca Espagne kijejwe amakori gishaka ko bacibwa ihadabu rinini bagahabwa n'igifungo.

Ibindi bisa n’ibi