Ubutegetsi bwa Swisse buriko burasaka ibiro vya FIFA

Ibiro bikuru vya FIFA i Zurich muri Swisse Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibiro vya FIFA vyasatswe mw'itohoza kuri Sepp Blatter na Jerome Vlacke

Abajejwe intwaro mu gihugu ca Swisse bariko barasaka ibiro vy'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi, FIFA, i Zurich, mu gihe itohoza ku wahoze atwara iryo shirahamwe, Sepp Blatter, ribandanya.

Iryo tohoza kandi riraba n'uwahoze ari umunyamabanga mukuru wa FIFA, Jerome Valcke.

Urwandiko rwavuye mu biro vy'umushikirazamanza mukuru wa republika muri Swisse ruvuga ko hafashwe impapuro hamwe na za ordinateri.

Bwana Blatter na bwana Valcke baratanguye gukurikiranwako icaha, bakaba bakekwa gukoresha nabi amafaranga ya FIFA.

Bahagaritswe mu mupira w'amaguru imyaka itandatu hamwe n'icenda uko bakurikirana, ariko bose habaka ivyo bagirizwa.

Ibindi bisa n’ibi