Hongria yatsinze Autriche mu gikombe cy'Uburayi

Adam Szalai ari mu batsinze ibitego bya Hongria Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Adam Szalai ari mu batsinze ibitego bya Hongria

Hongria yatangaje benshi itsinda Autriche 2-0 mu mikino y'igikombe cy'Uburayi cy'ibihugu mu irushanwa ribera mu Bufaransa.

Ibitego bya Hongria byatsinzwe na Szalai ku munota wa 62 na Stieber ku munota wa 87.

Autriche yakinnye ifite abakinnyi 10 nyuma yaho Aleksandar Dragovic yirukanywe mu kibuga amaze kwerekwa ikarita ya kabiri y'umuhondo.

Abafana ba Autriche bari bafite ikizere cyinshi ku ikipe yabo kubera ko yari yaratsinze imikino 9 ku 10 mu guhatanira itike yo gukina imikino ya nyuma y'irushanwa ry'igikombe cy'Uburayi.

Andi makipe akina kuri uyu wa kabiri ni Portugal ihura na Iceland.

Mu gihe turimo kwandika iyi nkuru Portugal yatsinze 1-0 mu gice cya mbere cy'umukino.