Leicester City yaguze Ahmed Musa

Ahmed Musa yaguzwe miriyoni 16 z'ama pounds Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Ahmed Musa yinjirije ibitego 54 mu nkino 168 za CSKA Moscow

Umurwi Leicester City waguze Ahmed Musa yahora muri CSKA Moscow, ku masezerano y'imyaka ine, imutngako miliyoni 16 z'ama livres Sterling.

Umunya Nigeria w'imyaka 23, aje mu murwi Leicester City uri muri Premier League, amaze guhesha CSKA igikombe c'imirwi yo mu Burusiya.

Imirwi ya Southampton, Everton na West Ham nayo yarifuza uyu mukinyi.

Musa abaye umukinyi agira kane aguzwe na Leicester, inyuma y'umunyezamu Ron-Robert Zieler, Luis Hernandez akina inyuma, hamwe na Nampalys Mendy akina hagati.

Yari yagiye muri CSKA muri 2012, aho yinjije ibitego 54 mu nkino 168.

Nayo kuva atanguye mu mwuga w'umupira w'amaguru mu 2010, amaze kwinjiriza ibitego 11 umurwi w'igihugu ciwe ca NIgeria, mu nkino 58.

Yinjirije Nigeria ibitego 2-3 vya Argentine igihe iyo mirwi yahura mu gikombe c'isi co mu 2014 muri Brezil.