Andy Murray yongeye gutsinda Wimbledon

Andy Murray bubaye ubwa kabiri atsinda ihiganwa rya Wimbledon Uwufise ububasha kw’isanamu Kirsty Wigglesworth
Image caption Andy Murray yatwaye igikombe amaze gutsinda Milos Raonic wo muri Canada

Bubaye ubwa kabiri Murray atsinda ihiganwa rya Wimbledon, iki kikaba ari co gikombe ciwe kigira gatatu c'amahiganwa akomeye ya Grand Slam.

Andy Murray abaye umwongereza wa mbere atsinze incuro kabiri ihiganwa rya Wimbledon, kuva kuri Fred Perry yatwaye ico gikombe mu 1935.

Andy Murray yavuze ko anezerejwe no kubona yongeye gukoza iminwe kuri ico gikombe ca Wimbledon.