DRC: Christian Ngudikama yahanywe na CAF

DRC niyo yatwaye igikombe ca CHAN uyu mwaka Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption CAF yahagaritse Christian Ngudikama imyka 2

Christian Ngudikama yahanywe inyuma yo gusangwamwo imiti yongera inkomezi mu gihe c'inkino za CHAN zabereye mu Rwanda uyu mwaka.

CAF yemeza ko uyu musore ubu afise imyaka 28, bamusanzemwo umuti bita ephedrine, wongera inguvu, mu gihe Congo yari ihejeje gukina na Angola mu kwezi kwa mbere.

Umurwi wa DRC niwo watahukanye igikombe ca CHAN c'uyu mwaka wa 2016.

Umunya Afrika y'epfo Bryan Cottle nawe yarabujijwe gukina mu kiringo c'imyaka ibiri.

Nawe amaze gupimwa bamusanzemwo methylhexaneamine, inyuma y'urukino rwahuza umurwi wiwe na Zambia mu mahiganwa ya Afcon y'urukino rumeze nk'umupira w'amaguru rujamwo abakinyi bake, bita Futsal.