Idrissa Gueye yagiye muri Everton

Idrissa Gueye Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Ikipe ya Everton yo mu Bwongereza yaguze umukinnyi wo muri Senegal, Idrissa Gueye wakiniraga ikipe ya Aston Villa yo mu kiciro cya kabiri.

Gueye yasinye amasezerano y'imyaka ine.

Villa yari yaramuguze n'ikipe yo mu Bufaransa, Lille, kuri miliyoni 9 z'amapawundi muri 2015.

Yakiniye Aston Villa imikino 35 muri shampiyona ishize mbere yuko iyi kipe imanuka ikajya mu kiciro cya kabiri.

Gueye yari yarakiniye ikipe ya Lille imikino 134 maze afasha niyo kipe gutwara igikombe cya shampiyona cyo muri 2011.