Gabriel Jesus yaguzwe na Man City

Gabriel Jesus Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Jesus ari mu ikipe y'gihugu ya Bresil iri mu mikino Olimpike i Rio

Ikipe yo mu Bwongereza, Manchester City, yaguze umukinnyi wo ku ruhande wo muri Bresil, Gabriel Jesus.

Uyu mukinnyi w'imyaka 19 yamuguze na Palmeiras ku mafaranga y'amapawundi akoreshwa mu Bwongereza agera kuri miliyoni 27.

Jesus yasinye amasezerano y'imyaka itanu ariko azakomeza gukinira Palmeiras kugeza shampiyona yo muri Bresil irangiye mu kwezi kwa 12.

Uyu mukinnyi ukiri muto City yamurwaniraga n'ikipe ya Barcelona yo muri Espagne.

Yatsindiye Palmeiras ibitego 26 mu mikino 67 muri shampiyona y'ikiciro cya mbere ishize.