Abanya Senegalikazi ni bo bagore bonyine baturutse muri Afurika i Rio 2016

Ukwa Karindwi 2016 - Dakar - Ikipe y'abagore ya Senegali yitoza mu kwitegura imikino ya Olempike ya Rio de Janeiro
Image caption Ukwa Karindwi 2016 - Dakar - Ikipe y'abagore ya Senegali yitoza mu kwitegura imikino ya Olempike ya Rio de Janeiro

Abo bakinyi bazwi kw'izina rya "Les Lionnes du Teranga", umugwi wonyene wo muri Afrika uzohiganwa mu nkino za Olympic muri Basketball ku ruhande rw'abapfasoni, uzotana mu mitwe ku w'Imana na Amerika i Rio, muri Brezil.

Senegal ni umwe mu migwi ikomeye muri Afrika ariko iryo higanwa rizoba ritoroshe kuko bazohangana n'ibihangange muri urwo rukino kandi barufisemwo ubumenyi bwinshi nka Amerika. Umumenyereza wa "Les lionnes", na we nyene urabizi.

Bamaze kuba aba mbere incuro 11 muri Afrika

Umugwi umaze gutwara ibikombe vyinshi muri Afrika uzotana mu mitwe n'abigeme bo muri Amerika ku musi w'Imana. Mu gihe bamaze gutwara ibikombe bitanu vya Olympic, abigeme b'abanyamerika barafise ico bamaze gikomeye.

Senegal kandi izokina n'Ubushinwa, Canada, Espanye hamwe n'umugwi wa mbere i Buraya, Serbiya.

Moustapha Gaye, amenyereza umugwi wa basketball mu bigeme, avuga ko anezerezwa n'uburyo, hamwe n'ivyo bafashishijwe mu kugira imyimenyerezo.

Image caption Ikipe ya Senegali y'abagore muri basketball ni yo yonyine iri i Rio 2016

"Kwitegurira ihiganwa rya Afrika muri Basketball ryo mu 2017''

"Ndazi ko reta ya Senegal ifise ibindi biyiraje ishinga. Ni igihugu kikiri mu nzira y'amajambere, ntidushobora kwigereranya n'ibihugu vya Buraya kuko turi igihugu kitaratera imbere. Ariko mu vy'ukuri, tumeze neza", uko ni ko yabwiye BBC Afrique.

Intumbero y'umumenyereza si iyo gutahukana intsinzi, "kuko na we arabibona" ariko n'ukwitegurira neza ahubwo ihiganwa rya Afrika muri basketball ryo mu 2017.

Afata uwo mugwi "nk'uwubarengeye" uravye ibihangange biwurimwo nka Amerika na Serbia.

"Turabizi neza, kandi jewe sinihenda k'uco ntumbereye. Sinshaka kwonona umugwi wanje. Ni ngombwa ko umugwi wacu umenya ko, uko ihiganwa ryogenda kose, dutegerezwa kwitanga mu gukina neza kugira tube aba mbere mu nkino za Afrika mu mwaka uza", nk'uko vyemezwa na Mustapha Gaye.

Abigeme bo muri Senegal ni bo bakinyi bonyene bo ku mugabane wa Afrika bagiye guhiganwa mu nkino za Olympic i Rio.

Bubaye ubwa kabiri baja muri izo nkino, kuva muzabereye i Sydney mu mwaka wa 2000, aho babaye aba 12.

Image caption Umutoza w'ikipe ya Senegali y'abagore muri Basket afite icyizere
  • Uwo mugwi watsindiye kuja mu nkino za Olympic mu gutsinda Cameroun mu nkino za Afrobasket.
  • Ni wo mugwi w'abigeme wonyene wavuye ku mugabane wa Afrika.
  • Les Lionnes de la Teranga n'umwe mu migwi ikomeye yo muri Afrika.
  • Incuro 11baba aba mbere muri Afrika, Senegal ni wo mugwi umaze gutwara ibikombe vyinshi ku mugabane wa Afrika mu bigeme.
  • Barusha intsinzi zitandatu abagabo.
  • Amaso yose azoba ahanze Astou Traore …
  • Yabaye umwigeme yinjije amanota menshi mw'ihiganwa rya AfroBasket mu 2015...
  • Umugwi wa mbere wa Afrika mu 2015, warushije uwa Cameroun mu nkino za AfroBasket 2015.