Sumgong yegukanye zahabu

Jemima Jelagat Sumgong Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Jemima Jelagat Sumgong

Umunyakenyakazi Jemima Jelagat Sumgong yegukanye umudari wa zahabu mu kwiruka marathon mu bagore.

Yayirutse mu masaha abiri n'iminota 24 n'amasegonda ane.

Yari ari imbere y'undi mukinnyi uvuka muri Kenya, Eunice Jelagat Kirwa, usiganwa ku ruhande rw'igihugu cya Bahrain.

Ni ubwa mbere Kenya yegukana umudari wa zahabu mu kwiruka marathon mu bagore.

Mare Dibaba wo muri Ethiopia wari usanzwe ari ku mwanya wa mbere ku isi mu kwiruka marathon yaje ku mwanya wa gatatu.